RDC: Umuhari M23 wishe abasirikare ba Congo bagera kuri 29 mu gitero wakoze hafi y-ishamba ratiro rya Virunga.

0

Abasirikare ba Congo bagera kuri 29 harimwo n-intwazangabo y-ipete rya «colonel» nibo bimaze kumenyekana ko bishwe mu gitero cakozwe n-umuhari w-abarwanyi M23.  Ico gitero cakozwe ku kirindiro c-abasirikare mw-ijoro ryo kuri uyu wa mbere aho bita i Nyesisi , mu ntara ya Kivu yo mu buraruko, ahegereye ishamba ratiro rya Virunga.Q&A: DR Congo's M23 rebels - BBC News

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Iyo mirwano ikaba yarabandanije gushika kuri uyu wa gatatu. Amakuru ndetse yemezwa n-abadaharanira ivyicaro vya politike barikumwe n-ubutegetsi bw-ibanze bwo mw-ako karere.

Gushika ubu igisirikare ca Congo kikaba kitaremeza ayo makuru y-abaco bahasize ubuzima mw-iyo mirwano.  Ku rundi ruhande rw-umuhari M23, nuko nawone bivurwa ko wahatakarije vyinshi mw-iyo mirwano.

Tubibutse ko umuhari M23 warumaze igihe cababa imyaka cumi uhagaritse intambara aho abarwanyi b-uwo muhari baciye bajanwa mu makambi yo kubegeranirizwamwo ari mu gihugu ca Uganda. Abatari bake b-abanye congo bakaba batekewe n-ubwoba bw-uwo muhari kuba ugarutse ku rubuga rw-intambara baravye ivyononekariye mu ntambara zabaye zihuza uwo muhari hamwe n-igisirikare ca Congo mu mwaka w-2012.