UBM News ads

RDC: Uhuru Kenyatta aritezwe kuri uyu wa gatatu mu muji wa Goma ku kibazo kijanye na M23.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhuza w’abanyekongo yashizweho n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC, Uhuru Kenyatta aritezwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 12 Mukakaro 2023 mu muji wa Goma azanywe n’ikibazo c’umuhari wa M23.
Bikaba bitegekanijwe ko Uhuru Kenyatta ahahurira n’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Kongo , Jean-Pierre Bemba hamwe n’umushikiranganji ajejwe ukwishira hamwe kw’akarere Mbusa Nyamwisi.

Abo bategetsi bose bakaba bagiye kuganira ukwo ingabo z’akarere ka EAC ziri mu buseruko bwa kongo ndetse n’agahunda ijanye no kujana abarwanyi ba M23mu kigo ca gisirikare ca Rumangabo kugira begeranirizweyo.
Umushikiranganji Nyamwisi yamaze kugera mu gisagara ca Goma kuri uyu wa 11 Mukakaro 2023 yabwiye abamenyeshamakuru ko yizeye ko urugendo rwa Uhuru Kenyatta ruzotuma amahoro aboneka mu buseruko bw’igihugu cabo.

Tubamenyeshe ko Uhuru Kenyatta yaheruka mu buseruko bwa Kongo mu kwezi kwa Gatanu 2023. Bikavugangwa n’ibimenyeshamakuru vyo muri Kongo ko uwo muhuza ubu azovayo agendeye ikigo ca gisirikare ca Rumangabo ndetse anarabe aho ico kigo kigeze citegurira kwakira abarwanyi b’umuhari M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments