UBM News ads

Bamwe mu bashakashatsi bo muri kaminuza ya Amerika baheruka gutangaza ko mu 2045 ata rupfu ruzoba rukibaho ku bantu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuva mu mwaka wa 2045, abantu bagiye kuzoshobora kubaho igihe kinini kw’isi ku buryo ikibazo kijanye n’urupfu kitazoba kikivurwa. Ivyo tubisanga mu gitabo giheruka kwandikwa n’abahinga babiri bo mu kigo c’ubushakashatsi ca kaminuza ya Massachusetts iri muri Leta zunze ubumwe za Amerika (Massachusetts institute of Technology).

Nkuko tubikesha urubuga rwa Maxiscience ,Abo bahinga babiri José Luis Cordeiro na David Woody basigura ko bariko barakora ubushakashatsi kugira bashobore gutora uko bohindura ibihora bibera mu mubiri w’umuntu bituma habaho ugusaza.

Urwo rubuga rubandanya rwandika ko nko mu myaka 20 iri imbere, Abantu bazoshira imitahe yabo muri ubwo buhinga ku buryo abantu bivuza hakoreshejwe ubwo buhinga kandi ku kiguzi gito cane. Muri ico gihe, ngo hazoba hakenewe ko umuntu abaho umwanya munini kugira aronswe ubuvuzi bumusubiza kuba umuyabaga.

Abo bahinga babiri bakemeza ko ata ngaruka mbi zizoba kubijanye n’irwirirana ry’abantu kw’isi kuko ngo hazoca hirwa ukuntu inyama z’ibikoko dusanzwe dufungura zisubirizwe n’inyama zizoba zahinguwe mu bundi buhinga buzoba bugezweho.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments