UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Cibitoke: Batanu mu bitwaje ibirwanisho bavuga ikinyarwanda barishwe n’igisirikare c’uburundi mu ntambara zabahuje.

UBM News ads

Urwamo rw’inkoho zikomakomeye rwarumvikanye kuva ku musi wa gatanu w’indwi iheze mw’ishamba cimeza rya Kibira ku mitumba ya Gasenyi na Gafumbegeti muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke.

Kubw’amakuru dukesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi ,mu gihe igisirikare c’uburundi cariko gikizura mw’ishamba rya kibira, cugururiye umuriro ku murwi w’abantu bitwaje ibirwanisho uvuga ururimi rw’ikinyarwanda wimba ubutare mu kinyegero mu Kibira.Batanu muri bo barishwe abandi bane barakomeretswa cane.

Abo bakomeretse baramenyekanye, ni abantu bitwaje ibirwanisho bavuga ikinyarwanda bamaze imyaka myishi bacumbitse muri ako gace. Bakaba baciye bahambwa mw’iryo shamba kuri uyu wa mbere. Abakomeretse bakaba bariko bavurirwa mwa bimwe mu bitaro biri mu gisagara ca Bujumbura.

Ico kimenyeshamakuru kibandanya candika ko kuri uyu wa mbere, ikiziga c’umusirikare w’uburundi caratowe mw’iryo shamba cimeza nyene hamwe n’abandi basirikare babiri bakomeretse, bakaba baciye bajanwa nabone i Bujumbura kuvurirwayo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments