Monday, March 27, 2023
HomePoliticsHussein RADJABU yoba iki gihe yateye ubwoba ubutegetsi bwa CNDD-FDD?

Hussein RADJABU yoba iki gihe yateye ubwoba ubutegetsi bwa CNDD-FDD?

Bumwe mu burere bw’igihugu c’uburundi hamaze imisi hahagarikwa abantu bari mu ma nama biyugaraniye ahantu . Abafashwe bose ikibahuza ni uko baba bafise amasanamu y’uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD Umushingamateka Hussein RADJABU ubu ari mubuhingiro kuva mu mwaka wa 2015 aho atorokeye ibohero rikuru rya Mpimba. Igipolisi co kimwe n’abajejwe intwaro bagiriza abo bantu bamaze gufatwa kuba bariko bashaka guhungabanya umutekano w’igihugu babanje gukorana n’abansi b’uburundi. Ivyo bikaba bimaze kwibonekeza mu ntara zibiri arizo Muyinga na Rumonge. Bamwe n’abandi bahaye bibaza nyimba RADJABU agiye gusubira kugaruka mu gihugu c’uburundi vyanka bikunda ariko ubutegetsi bugakora ibishoboka vyose mukwanka umwuzo wiwe kumvo yuko yoba afise nubu igihagararo mu mugambwe w’inkona,CNDD-FDD.

Kw’igenekerezo rya 9 Gitugutu 2022, Abantu barenga 70 barahagaritswe muri komine ya Muyinga muri karitiye ya Kirwati ku uwitwa wa Ndiefi , asanzwe akora akazi ko kwigisha kuri Lycee Communal ya Cumba muri Komine ya Muyinga. Muri abo, Abangana 50 nibo bahavuye baja gupfungirwa mu gasho ka komisariya y’intara ya Muyinga. Bakaba bafatanywe amasanamu y’umushingamateka Hussein RADJABU yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD , akaba kandi ari n’imvukira ya Komine Muyinga.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Gitugutu 2022, Abandi bantu bagera kuri 76 bagizwe n’abagabo n’abagore barahagaritswe n’igipolisi bafatiwe muri karitiye Kanyenkoko muri komine n’intara ya Rumonge bakaba bari ku muhana w’umwe muri bo , bose bitwaje amasanamu ya Hussein RADJABU. Amakuru dukesha ikinyamakuru Le Mandat ,Abo bantu bakibonwa, benshi bibaza ko bariko barasenga mu nyuma ngo basanga bari mu nama banafise isanamu z’uyo yahoze arongoye CNDD-FDD. Ico kinyamakuru kimenyesha ko bamwe baciye baja gupfungirwa mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Rumonge abandi bamanukanwa mw’iperereza mu gisagara ca Bujumbura. Bakaba bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu hamwe no gukorana n’abansi b’igihugu c’uburundi.

Umwe mu banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD twavuganye ariko atashimye kwivuga izina ryiwe ku mvo z’umutekano wiwe avuga ati :”Burya RADJABU nubu naho ari mubuhingiro aracafise abanywanyi benshi bakiri inyuma yiwe yaba no mu nzego z’umutekano canke zo kwivuna abansi no mw’iperereza. Ko Neva atiyumviye ko amuhungura agaruke mu gihugu ciwe arya nk’abandi barwananywe ategerezwa guhiga inzira zose zo kugaruka mu gihugu. Twese natwe ntitubona ibigiye gukurikira kuko uno musi ni Muyinga na Rumonge ejo dushobora kwumva no mu zindi ntara”

Must Read