UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

RDC: Mu ntara 21 kuri 26 zigize igihugu nizo Perezida Tshisekedi aza imbere mu matora y’umukuru w’igihugu.

Umukuru w’igihugu ca Congo Félix-Antoine Tshisekedi niwe aza imbere mu batsinze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kuwa 20 kigarama 2023. Hagati aho, abahiganiwe iyo ntebe y’umukuru w’igihugu harimwo umunyepolitike akomeye Moïse bakaba batangaza ko baza gukora imyekano kuri uyu wa gatatu mu kwiyamiriza ukwo ayo matora yatunganijwe kuko yabayemwo ubusuma bwinshi ndetse basaba ko ivyavuyemwo vyoba impfagusa maze hagategurwa ayandi.

Umurwi wigenga utegura amatora mw’ico gihugu CENI waraye utangaje kuri uyu wa kabiri ibiharuro mfatakibanza biriko biva mw-iharura ry-ayo matora aho mu ntara 21 kuri 26 zigize ico gihugu, Felix-Tshisekedi ariwe aza imbere ku majwi 77,34% nayo intara 4 zikaba arizo zatoye umunyepolitike Moïse Katumbi ku majwi 17,18 nayo intara imwe ikaba ariyo yatoye umunyepolitike Martin Fayulu.

Ayo matora yabaye ku musi wa gatatu w’indwi iheze akaba yaranzwe n’ibibazo bitari bike, aha twovuga nko kubura ibikoresho ari navyo vyatumye gutora bikorwa mu misi irenga ibiri ahatari hake mu gihugu.

Hakaba kandi habonetse amasanamu y’abantu bagiye bafatanwa ama mashini y’amatora maze bituma abakandida bariko bahiganirwa ayo matora bayiyamiriza basigura ko ayo matora yabayemwo ubusuma bw’amajwi budasanzwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments