UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi imenyesha ko yamaze kwitura INTERPOL kugira abakoze ubwicanyi bwo mu Gatumba batahukanwe kugira babubazwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi imenyesha ko iza yaramaze kwitura igipolisi mpuzamakungu INTERPOL gisanzwe gifata inkozi z’ikibi kugira abakoze ubwicanyi bwo mu Gatumba hamwe n’ababugizemwo uruhara batahukanwe mu Burundi kugira babubazwe. Ivyo bikaba vyaraye bitangajwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse hari igihe yari yari yaserukiye Leta mu bikorwa vyogushingurana iteka abantu 20 bapfiriye mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa 22 rishira uwa 23 kigarama 2023, igitero cahavuye cigambwa n’umuhari RED-TABARA ariko uwo muhari ukaba wahakanye ko Atari wo wishe barya banyagihugu ahubwo ukaba wemeje ko wishe abasirikare 9 n’umupolisi umwe gusa.

«Tuzobafata mpaka ku kanyuma» niko Umushikiranganji Martin Ninteretse yabwiye abari bitabiriye umugirwa wo gushingurana iteka abo bantu 20 bapfuye.

Martin Ninteretse akaba yavuze ko kwica abana bakiri bato n’abakenyezi ari ibikorwa vy’iterabwoba ndetse ko ari icaha c’agahomerabunwa. Akaba yibukije ko intambara yahagaze mu gihugu c’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments