Umuhari M23 uriko urwanira mu buseruko bwa Congo mu ntara ya Kivu y’uburaruko wongeye kwisubiza agace ka Kitchanga kari muri teritwari ya Masisi inyuma yo kwirukana abarwanyi benshi bo mw’ihuriro Wazalendo bari bamaze ikiringo cababa imisi 10 aribo bafise ako gace.

Ni imirwano yatanguye mu masaha yo mu gitondo. Bikaba vyavuzwe ko abo mw’ihuriro rya Wazalendo barwanijwe bimwe bikomeye na M23 barabura isaganirizo arikwo guca bazibukira Kitchanga. Ayandi makuru yagiye aravurwa ku mbuga ngurukana bumenyi zitandukanye yemeza ko M23 yanafashe imodoka z’igisirikare ca Congo hamwe n’ibirwanisho vyatawe n’abo wazalendo.





Recent Comments