Kuri uyu wa gatatu, Inzu y’uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard BUSOKOZA iri muri Karitiye ya Mutanga-Nord mu gisagara ca Bujumbura, ibintu vyose vyayirimwo vyaratwawe n’abantu bari bahagarikiwe n’umushikiriza manza kizigenza wa Republika. Bernard Busokoza akaba yibaza ko vyoba bijanye n’imanza zoba zaciwe mu mwaka wa 2020 zijanye n’ivyo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza hamwe n’ibijanye n’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye.
Mu kiganiro yahaye iradiyo INZAMBA Agateka kawe, Uwo yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu arigana ukwo vyagenze :«Umuntu bashoboye kumenya ni umushikirizamanza kizigenza wa republika, niwe bavuga ko yaje hanyuma bakugurura inzu bakoresheje mereze, hanyuma bamaze kuyugurura, barapakira ibinyu vyose vyarimwo. Ntaco basizeyo na gatoya. Uwo mushikirizamanza kizigenza wa republika ni umwe yaca za manza zacika mu 2020, zerekeye ivyaha vya 2015 n’izindi manza bazuye zari zerekeye izo mu 1993 zerekeye ku rupfu rwa Melchior Ndadaye n’ubwicanyi bwakwirikiye»
Bernard BUSOKOZA akavuga ko ibiriko bimubako ari agatotezo katagira izina kuko atigeze yemererwa kwumvirizwa na sentare canke ngo yunguruze. Akaba yagize ati:« Igitangaje, ni uko, murazi mwese ukwo zirya manza zacitse kuko ntizigeze zicibwa ngo babahamagare ngo biregure ngo bamenye ivyo babagiriza , ngo biregure , barankiye abashingwamanza babo yuko binjira aho bacirirwa imanza kugira bumvire ivyo batwagiriza, ziracibwa ntizasomwa, ntibamenyesha ivyavuyemwo muri zino manza , ntibemera nuko abantu bashobora kwunguruza . Ivyo vyose, urumva ni ibintu bitaciye mu buryo na gatoya. Nsi numva ingene rero bosimbira ku tuntu twacu bagatwara , ntituzi iyo bajanye , jewe mbona yuko ari agatotezo».
Recent Comments