Umukuru w’igihugu c’uburundi aremeza ko ata mafaranga akwiye ari mu mabanki iki gihe. Perezida Ndayishimiye akaba yitangako akarorero ko ubwiwe yarondeye imiriyoni 50 z’amafaranga y’amarundi nk’ideni arayabura. Uwo arongoye uburundi iki gihe akaba yabivugiye mu nama yabaye kuri uyu wa kabiri yamuhuje n’abarongoye amabanki y’ubudandaji hamwe, amashirahamwe yo kuguranana hamwe n’abakora akazi ko kuvunja amafaranga mvamakungu.
Mw’iyo nama, Perezida Ndayishimiye akaba yamenyesheje ukuntu amabanki yo mu Burundi yama atanga ivyegeranyo vyerekana ko buri mwaka yunguka kandi akora neza ariko abakiriya bayo ntibaronswe amadeni nk’uko bavyipfuza mu gihe ata kindi yashiriweho atari abayitura. Agira ati :«ku mwaka ndashobora kwimbura itoni zitari musi ya 200,( …) ariko nkubu noja kwironderera imiriyoni 50 muri banki ngo kuri konte yanje mwoca muvuga ngo ntayo tuguha, none yagiye he ko ari ayiwanje?»
Perezida Ndayishimiye akaba avuga ko ibintu bibandanije uko ataho igihugu gishobora kwishikana , agasaba amabanki nyabuna guhindura ingendo.
Tubamenyeshe ko kuva aho hafatiwe ingingo yo guhindura inoti za 5000 na 1000, Mu gihugu c’uburundi hamaze imisi hibonekeza ubukene bw’amafaranga mu mabanki no mu yandi mazu akora akazi ko kuziganya no kuguranana. Hakaba hari n’intara zimwe zimwe abantu batemerewe kubikuza amafaranga ari hejuru ya miriyoni zitatu. Ibiriko bituma umurindi w’ababitsa amafaranga mw’ayo mazu uca ugabanuka maze bagahitamwo kuyabitsa mu mazu yabo.
Recent Comments