UBM News ads UBM News ads
Sunday, May 19, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC: M23 ivuga ko abasirikare b’uburundi bafashwe mpiri bari ku rugamba bazosubizwa iwabo biciye mu mwumvikano.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Icegera c’umuvugizi w’umuhari M23 ishami rya Politike, Canesius Munyarugero amenyesha ko ingabo z’uburundi zafatiwe ku rugamba kuri uyu w’Imana mu mirwano ikomeye yabereye muri teritwari ya Masisi, bazosubizwa mu gihugu cabo biciye mu mwumvikano.

Mu kiganiro yahaye kimwe mu kimenyeshamakuru co mu Rwanda gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, PNInfo Rwanda, Canesius Munyarugero avuga ko abo basirikare b’uburundi bafashwe mpiri bahari kandi uwubishaka ngo yoja kubaraba. Yagize ati:« Mu bitigiri barenga umwe,bisigura ko ari benshi,…, ni benshi, naho boba indwi canke cumi, ndazi bazogenda bavuga inkuru ukwo basanze intambwe za Sarambwe zimeze»

Canesius Munyarugero yavuze kandi abo basirikare bafashwe ari bazima, kandi ko ngo basangira ivyo basanganywe abarwanyi ba M23.
«Nagire ndakumenyeshe ko abo bafashwe babayeho nka twe, bararya nka twebwe, baranywa nka twebwe,… ikizokwirikira ni uko bazotaha iwabo kandi neza mu mahoro» Niko Munyarugero yongeyeko avuga.

Tubamenyeshe ko igisirikare c’uburundi ataco kirashima gushikiriza kw’ayo makuru avuga abasirikare babo bafatiwe mpiri muri Congo mu ntambara zabahuje n’umuhari wa M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments