Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere yarengutse kandi kuri uyu wa kabiri mu rubanza rw’ido n’ido rwabereye mw’ibohero rikuru rya Gitega amazemwo imisi apfungiwemwo.
Muvyo uno musi Bunyoni yagirijwe n’umushikirizamanza wa sentare ntahinyuzwa, harimwo icaha co gukura Ubuntu bita ‘déshumanisation’ mu rurimi rw’igifaransa. Aho Bunyoni yise Gervais Ndirakobuca yamusubiriye mu mabanga ko ari ‘impene’. Umushikirizamanza yakimwagirije ico caha yishimikije ku biri mu butumwa bugufi Alain-Guillaume Bunyoni yagiye arahanahana n’umupfasoni wiwe Hacynthe Niyonkuru.
Mw’iyo do n’ido y’urubanza, Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yisiguye ku caha yagirizwa co ‘gutuka umukuru w’igihugu’. Nahone, Sentare yishimikije ku butumwa bugufi bwo mw’iterefone Bunyonyi yahanahanye na Bob Rugurika, umuyobozi mukuru wa radiyo RPA aho Perezida Ndayishimiye yiswe ‘Vuvuzela ‘, ico naco ni icuma co kuryosha ibirori. Ariko aho Bunyoni yasavye ko Bob Rugurika yorengutswa ukwiwe akabibazwa ku gatwe kiwe.
Recent Comments