Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye aridogera abarundi bamwe bamwe boba basuzugura umugambi yazanye ujanye no kworora inkwavu mu gihugu cose.Perezida Ndayishimiye akabahanura ko bovavanura n’iyo ngendo yo gusuzugura ivyo indongozi ziba zivuze kuko batazi ikiba kizovamwo kiretse Imana yonyene ari nayo yashizwe imbere mu gihugu.
Mw’ijambo yavugiye mu ntara ya Muyinga kuri uyu wa gatandatu imbere y’abadandaza bakuru bakuru bo mu gihugu cose , Perezida Ndayishimiye yagize ati :«Ntidusubire gusuzugura iryo indongozi zivuze. Iyo tuvuze tuti dukore iki, Imana irakunda uburundi iba izi ko hazovamwo ikintu. Uno musi urukwavu , hari abadukekeza bakadutwengera mw’ijigo. Nagire ndababwire, mumenye kwubaha iryavuzwe. Ubu Burundi, umwami wabwo ni Imana. (…)Imana twayihaye ikibanza ca mbere hanyuma nayo iraduha indongozi ziyiserukira, zirongora abarundi. Ndabakebuye rero, mutangure guhindura ingendo, mugamburuke ijambo indongozi ziba zivuze kugira kugira ngo dushobore kugira urugendo rw’iterambere 2040-2060»
Tubamenyeshe ko urugo rwose ruheruka guhabwa itegeko n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ngo rworore n’imiburiburi inkwavu zitanu mu ntumbero yo kurwanya ubukene.Kuri uyu wo mugambi, Perezida Varisito Ndayishimiye aheruka kumenyesha ko abarundi bashobora kuba aba miriyoneri biciye mw’ubwo bworozi bw’inkwavu nkuko amaze imisi abitangaza ndetse akanamenyesha ko afise intahe nyishi z’abatejwe imbere cane n’ubwo bworozi.
Recent Comments