UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: M23 itangaza ko yafashe mpiri abasirikare b’uburundi mu mirwano ikomeye yabereye i Masisi.

Uburongozi bw’umuhari M23 urwanya Leta ya Congo butangaza ko uwo muhari wafashe mpiri abasirikare benshi bariko barwanira Leta ya Congo mu mirwano ikomeye yabaye kuri uyu w’Imana mu bice bitandukanye vyo muri teritwari ya Masisi, mu ntara ya Kivu y’uburaruko, aho ivyo bice vyahavuye vyigarurirwa n’uwo muhari . Muri abo bafashwe mpiri, M23 ivuga ko harimwo n’abasirikare b’uburundi.

Perezida wa M23, Bertrand Bisimwa abicishije ku rubuga rwiwe rwa X yemeje ayo makuru aho yagize ati :«Inyuma y’igitero c’abo mu gatondo muri Bwiza na Kitshanga, ingabo z’abagizi ba nabi bayabangiye ingata. Abanyagihugu bacu bari i Burungu basubiye mu bice twigaruriye.Abansi benshi bafashwe harimwo abo mu gisirikare c’uburundi FDNB»

Umuvugizi wa M23 ku rwego rwa Politike , Lawrence Kanyuka nawe yemeje ayo makuru avuga ifatwa mpiri ry’abasirikare. Yagize ati :«M23 iramenyesha abantu bose ko yafashe ibirwanisho vyinshi hamwe n’ibikoresho vya gisirikare vyatawe n’igisirikare ca Tshisekedi kandi yanafashe mpiri abasirikare b’uburundi binjiye mu mugambi wo guhonya ubwoko.M23 iraza gutanga amakuru aramvuye».

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments