Umukuru w’igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelensky yongeye kwemeza ko igihugu ciwe kitazokwigera cicarana n’igihugu c’uburusiya ngo baganire ingene bohagarika intambara. Zelensky akaba kandi yiyamiriza ibiherutse kuvurwa ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi (occident) biriko bimuremera ngo ayoboke inzira y’ibiganiro yoza irangiza burundu intambara ico gihugu kirimwo n’uburusiya.
Perezida Zelensky yatanze ubwo butumwa arikumwe n’uwurongoye komisiyo y’umuryango w’ubumwe bwa buraya, Umupfasoni Ursula Von der Leyen, aho bariko batanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu ku murwa mukuru wa Kiev.
Ivyo uwo arongoye Ukraine yabitangaje inyuma yaho ikinyamakuru NBC gitangarije kuwa 4 Munyonyo 2023 ko abategetsi bakuru bo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi , binasanzwe biri ku ruhande rwa Ukraine, ko bari gukora ukwo bashoboye ngo ubutegetsi Kiev iganire n’uburusiya kucoza gihagarika intambara.
Ico kimenyeshamakuru catangaje kandi ko abo bategetsi bagaragaje ko hari n’ubufasha bazotanga kugira ngo zelensky yicarane na Perezida Putin kugira barabire hamwe icoba umuti wotuma intambara ivyo bihugu vyompi bimazemwo umwaka urenga birimwo yorangira.
Perezida Zelensky agarutse kw’ivyo bimaze imisi bivurwa yagize ati :«Kugeza ubu nta mutegetsi wo mu muryango wa buraya canke uwa Amerika canke abandi bantu badushigikiye bigeze baturemera ngo tuganire n’uburusiya, cotuma tuvuga ku ntambara canke tugahagarika intambara. Ibi ntibizokwigera bibaho»
Umukuru w’igihugu ca Ukraine ashimangira avuga ko niyagira ico aganira na Perezida Putin, n’uko uburusiya bwotanga intara ya Crimée bwigaruriye mu 2014 bwongera buyomeka ku gihugu cayo hamwe n’izindi ntara zirimwo nka :Donetsk, Kherson, Luhansk na Zaporizhzhia bwiyomeyseko mu 2022.
Recent Comments