UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

RDC: M23 imenyesha ko igiye gusubira mu burere bwose yari yahaye ingabo za EAC inyuma yaho zitanguriye kugenda.

Ingabo za Kenya zuriye indege kuri uyu w’Imana zivuye mu ntara ya Kivu y’uburaruko mu butumwa bwo kugarukana amahoro zari zarungitswemwo n’umuryango wa EAC. Izo ngabo zikaba zibaye za mbere muri uyo muryango zivuye mu gihugu ca Congo inyuma yaho Leta ya Perezida Tshisekedi ivugiye ko itazongera guha ikindi kiringo izo ngabo ngo zifashe mu butumwa bwo kugarukana amahoro n’umutekano mu ntambara Congo imaze igihe ihanganyemwo n’umuhari M23. M23 igatangaza ko uburere bwose yigaruriye maze ibuha izo ngabo igiye gutangura kubusubiramwo bwongere bugendurwe nayo.

Mw’itangazo wasohoye kuri uyu w’Imana, Umuhari M23 umeyesha ko ingabo za Leta ya Congo n’abo bicuditse hamwe mu kubarwanya baguma babandanya kubagabako ibitero hamwe no mu burere busanzwe butuwemwo abantu benshi. M23 ikaba yamenyesheje kandi ko kuba ingabo za EAC zitanguye kuva mu gihugu ca Congo zisubira iwabo, kandi uwo muhari akaba ariwo wari wahaye izo ngabo uburere wari wafashe, bigiye kuba ngombwa ko ubwisubiza maze bukagenzurwa nawo.

Tubamenyeshe ko Perezida Tshisekedi wa Congo yaramaze imisi yidogera ingabo za EAC ziri mu gihugu ciwe ko kuva ziharungitswe mu mwaka uheze, zananiwe gusubiza inyuma abarwanyi b’umuhari M23 bamaze igihe barwanira mu buseruko bwa Congo. Perezida Tshisekedi yatangaje ko atazongera ikindi kiringo izo ngabo. Ikiringo c’izo ngabo cari gitegekanijwe ko kirangira kuri uyu 8 Kigarama 2023.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments