UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasaba impapuro z’inzira muri PAFE bavuga ko atakwinyegeza mu kwakwa igiturire kugira bazironswe mu buryo bwihuta.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasaba impapuro z’inzira mu kigo PAFE kijejwe imbibe zo hasi n’iz’ikirere bamenyesha ko hambavu y’amafaranga azwi ku gitabu kimwe kimwe, uwugisaba ategerezwa gutanga amafaranga angana ibihumbi amajana atatu vy’amarundi arengako, mbere n’ayarenga. Bakiyamiriza iyo ngendo bavuga ko ari nk’umurwi wateguwe.

Umwe mu bamaze imisi arondera zimwe mw’izo mpapuro yavuganye n’ikinyamakuru Sos Médias Burundi agira ati :«Ntibikiri ibanga . Mu gihe ushitseyo ugiye gusaba igitabo c’inzira canke ikindi ca ngombwa, hariho abapolisi baza bakaguca impande mu ntumbero yo kuguha ubwo butumwa. Bakubaza nimba ugomba ko vyihuta canke bitihuta»

Amasoko ava mwa bamwe mu ba polisi bakorera mw’ico kigo batashimye ko tubavuga umwidondoro wabo bamenyesha nabone ko iyo ngendo isa n’uko ishigikiwe n’inzego kuko ngo ata mu polisi n’umwe aba ariko yegeranya ivyo biturire yigera ikibazo na kimwe aha bakavuga ngo kudafatwa maze bashengezwe ku mugaragaro.

Tubamenyeshe ko Atari irya mbere havuzwe ubusuma nk’ubwo muri PAFE ndetse n’ivyegeranyo vy’amashirahamwe ajejwe kurwanya ibiturire bikaba bimaze kubishira ahabona.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments