Umuhari M23 urwanya Leta ya Congo ugiye gufatirwa izindi ngingo mu misi iri mbere kugira ugondozwe wemere gushira ibirwansho hasi no kugarukana amahoro muri Republika iharanira demokarasi ya Congo. Vyatangajwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye kuri uyu wa mbere inyuma y’urugendo yagize mu gihugu kibanyi ca Congo, aho avuga ko izo ngingo zizopfundikwa mu nama igize akarere ku bijanye no kugarukana amahoro n’umutekano mw’ico gihugu.
Varisito Ndayishimiye ari nawearongoye inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu muruyango wa EAC yagize atya:
«Mu buraruko bw’intara ya Kivu , ahari ingabo z’uburundi ni muri vyabindi vyo kwiyumvira canke muri biriya , nta ntambara vyukuri zigeze zihaba hagati y’abasirikare b’uburundi hamwe n’ingabo za Leta, mugabo turagerageza kubagondoza . Nibaza ko n’akarere co kimwe n’abasirikare b’ibindi bihugu nabonyene bari bakwiye gukora ukwo. Igihe tuzohura, tuzogerageza kurabira hamwe ingingo nshasha zibereye twofata tukanisunga twese kuvyo twumvikanyeko tutashobora kwemerako hariho akarwi gakora ivyo kishakiye bose ata numwe avuyemwo bategerezwa gukwirikiza ivyavuye mu masezerano. Ico nshobora kuvuga ubu, si akanya ko ingabo z’akarere zishobora kwirukanwa ko ataco ziriko zirakora. Mwibuke ko mu ntango , ata ntumbero yari ihari y’umuhari M23. Igihe Tuzohura, niho tuzofata ingingo, uwuzozanka nawe azoba yerekanye aho ahagaze ariko uyu musi ntavyo twovuga , nibazako inyishu izobonekera mu nama yimirije»
Recent Comments