UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Imbonerakure zisabwa na Perezida Ndayishimiye kurwiza ibikorwa vyo gukizura mw’ijoro kugira umwansi ntavogere imbibe z’uburundi.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye kuri uyu wa gatandatu mu musi mukuru wahariwe urwaruka rw’imbonerakure bise «imbonerakure day» yarahayagije uruhara rw’urwo rwaruka rwegamiye umugambwe CNDD-FDD ku kuntu rucungera imbibe z’igihugu ciwe. Varisito Ndayishimiye yazisavye mbere kurwiza ibikorwa vyo gukizura mw’ijoro kugira umwansi ntavogere imbibe z’uburundi.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi , Imbere y’isinzi ry’imbonerakure, abandi banywanyi ba CNDD-FDD, abategetsi b’igihugu hamwe n’abaserukiye imigambwe yabo yo mu bindi bindi bihugu vya Afrika, Perezida Varisito Ndayishimiye yagize ati :«Igihugu kiracungerewe kuko turafise imbonerakure. Uwutazovyemera azoze kuvogera imbibe . Azokwibonerako »

Yarongeyeko ati :«Imbonerakurezirashobora gucungera akantu kose gasohotse imbibe. Nta n’umwe ashobora kuzica mu ryahumye.Ndabasavye kubandanya muri maso kuko ahari Imana na shetani niho aba ari. Imbonerakure idakizura mw’ijoro ntiba ikwiye kwitwa iryo zina»

Mw’iryo jambo ryiwe, Umukuru w’igihugu c’uburundi akaba yarifatiye mu gahanga ibihugu rutura vyo kw’isi nka Leta zunze ubumwe za Amerika n’ubumwe bwa buraya kuba vyaracafuje ishusho y’urwaruka rw’imbonerakure kuko ngo banse ko uburundi buvogerwa kandi bakananka ko haba igandagurwa ry’abarundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments