UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC: Leta yankiye indorerezi z’amatora ziva mu muryango wa EAC.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Aho bukera kuri uyu wa 20 kigaram 2023, niho hategekanijwe kuba amatora rusangi mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi ya Congo. Bikaba vyari bitegekanijwe ko umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC urungika abazowuhagararira mu gucungera ayo matora ariko Leta ya Congo ikaba yanse ko bahagera.

Mw’itangazo EAC yashize ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 kigarama 2023, yamenyesheje ko itazoboneka muri ayo matora nkuko bisanzwe bigenwa n’amategeko agenga uyo muryango. EAC ikaba yipfurije Leta ya Congo n’abanyagihugu bayo amatora meza.

Uwo muryango ukaba uvuga ko ubutegetsi bwa Congo butahaye uburenganzira indorerezi ziva mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Tubamenyeshe ko mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo, umuryango w’ubumwe bwa buraya waratangaje ko wiyonjoroye mu bikorwa vy’uburorerezi mu matora yo muri Congo. Ico gihe uwo muryango wasiguye ko ukwo kwiyonjorora mw’ivyo bikorwa vyatumwe ahanini n’ingorane za tekinike hamwe n’iz’umutekano muke.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments