Inyandiko zo mw’ibanga zo mw’iperereza rya Amerika (CIA) zishira ahabona umugambi wa Perezida Tshisekedi wa Congo umaze imisi uhari wo gukuraho ku nguvu ubutegetsi bwa Perezida w’urwanda Paul Kagame hifashijwe imihari ya Mai-Mai na FDRL.
Guhera mu mpera z’indwi twarangije, hari inyandiko zakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi , biboneka ko ari urupapuro rumwe rwafotowe rukuwe kuri raporo nini. Ni inyandiko z’iperereza rya Amerika , aho urwo rupapuro rwafotowe rwariko umwihwezo wa CIA yakoze ifatiye kw’iperereza rya Congo ku kibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bw’ico gihugu.
Ivyanditswe na CIA bihagaze ku makuru y’iperereza ry’icegera c’umuyobozi w’intara ya Kivu y’ubumanuko, Kwalezitome Lilungi Dodo, yatanze mu ntango z’uy’umwaka turimwo vyuko ingene abona ikibazo ca M23 corangira.
CIA igaragaza ko uyo Lilungi asanzwe ari umwe mu barwanya cane Leta y’urwanda hamwe na M23, ndetse mu kwezi kwa Nzero uy’umwaka ngo “yatanze icipfuzo co kwifashisha abarwanyi bo mu mihari ya Mai-Mai n’iyindi mu gukuraho ubutegetsi bwa Perezida w’urwanda Paul Kagame”
Ivyo vyipfuzo vya Lilungi vyaje haciye ukwezi Perezida Tshisekedi atanze iciyumviro nk’ico igihe yahura n’urwaruka rwo mu gihugu arongoye hari mu mpera zo mu mwaka wa 2022. Tshisekedi yatangaje muri gahunda yiwe afise harimwo gufasha abanyarwanda gukuraho ubutegetsi bwabo bafise.
Yagize ati :”Abanyarwanda ni abagenzi bacu, ahubwo bakeneye ubufasha bwacu kuko baraboshwe, bakeneye ubufasha bwacu ngo tubabohore (…) ni abagenzi bakeneye ko dushira hamwe tukabakiza abarongozi babasubiza inyuma”
CIA igaragaza ko inama Lilungi yatanze mu kwezi kwa kabiri muri urwo rwandiko , nuko ingabo zo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC ziri muri Congo zokwirukanwa kuko ngo “ziriko zifasha mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gushaka gucamwo Congo ibice biturutse ku ngabo za Kenya zitagira ico zikora n’ibindi vyatumye zita icizere muri Congo”
Muri ubwo busesanguzi bw’iperereza Lilungi yarungikiye abamukurira I Kinshasa, yarerekanye ko Congo ikwiriye guhigira umuti ku kibazo kijanye n’ugusotorwa n’urwanda ititabaje ikindi gihugu icari co cose co mu muryango wa EAC.
CIA yagize iti “Lilungi yatanze icipfuzo cuko ingabo za Kenya n’iza Uganda zirukanwa kuko ziri mu mugambi w’abashaka gucamwo ibice Congo (…) abona ko kuba inzego z’umuryango mpuzamakungu uri mu buseruko bwa Congo bituma umutekano utagaruka kuko ngo banka ko bakorana na Mai-Mai”
Urwo rwandiko rwa CIA rugaragaza ko mu mpera z’ukwezi kwa mbere uy’umwaka , Lilungi yanasavye ko ingabo zose mvamakungu zotaha RDC ikirwanako canke igahitamwo abandi bafatanyabikorwa ishatse.
Recent Comments