UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Agathon RWASA aribaza icaha muri CNL boba bakoze kugira bahagarikwe gukora ivy’imfata kibanza ibikorwa vya politike.

UBM News ads

Umukuru w’umugambwe CNL yababajwe n’ingingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwafashe yo kuba burahagaritse ivy’imfata kibanza ibikorwa vy’uyo mugambwe. Agathon RWASA akibaza icaha umugambwe CNL woba wakoze umuntu aravye ukwo amategeko y’igihugu ameze ku bijanye n’uko imigambwe ikora ibikorwa vyayo mu gihugu.

Mu kiganiro yagiranye n’abagenzi bacu ba radiyo n’imboneshakure Isanganiro kuri uyu wa kabiri, Agathon Rwasa yagize ati :”Twaramwandikiye (Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu) tumusobanurira uko ibintu vyifashe aguma kuri rya jambo. Ahubwo ubu naho agaca arenza n’urugero ngo ibikorwa vy’umugambwe CNL vyose arabihagaritse, mu gihe umugambwe ata caha na kimwe wakoze uravye amategeko y’igihugu”

Mu rwandiko rwashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri Ruheshi 2023 n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano aho buvuga ko inzego nshasha z’umugambwe n’inama yatunganijwe n’uwo mugambwe itisunze amategeko agenga uyo mugambwe. Ubwo bushikiranganji bukaba bwaciye buba burahagaritse ibikorwa vyose vyose bitunganijwe n’izo nzego ariko bukamenyesha ubwo bushikiranganji ko amanama yo gutorera umuti ibibazo biri mw’uwo mugambwe zirekuwe mu gihe zasabiwe uruhusha zikaruronka.

Tubamenyeshe ko mu mugambwe CNL hamaze igihe hari ukutumvikana mu burongozi bw’uwo mugambwe. Aho uruhande rumwe rutakicememera uburongozi bwa Agathon Rwasa bakaba bamwagiriza guhonyanga amategeko y’uwo mugambwe imbona nkubone. Urundi ruhande narwo rurimwo Agathon Rwasa rwagiriza uwo murwi wa mbere kuba uriko ukoreshwa n’ubutegetsi mu ntumbero yo gucamwo ibice uwo mugambwe kugira amatora ya 2025 n’ayazokwirikira Uwo mugambwe ntuzobe ugifise nyishi zo guhiganirwa ayo matora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments