Kuva kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi uy’umwaka, mu gihugu ca Suède hazotangura ihiganwa mpuzamakungu ryo gukora imibonano mpuzabitsina ryiswe “European Sex championship” aho rizitabirwa n’abantu bose babishaka bo ku mugabane wo kw’isi.
Nibwo bwa mbere ihiganwa nkiryo rizoba ribaye muri ico gihugu co ku mugabane wa buraya. Abazoryitabira bazoza bahabwa n’imiburiburi iminota 45 yo gukora iyo mibonano mpuzabitsina nkuko tubikesha ikinyamakuru Times of india.
Hakazoba hari umurwi ujejwe gutanga amanota kubazoba bariko bahiganwa mu kiringo c’indwi zitandatu bazomara kugira baronke uwatsinze mw’iryo higanwa. Times of india itangaza ko abantu 20 bamaze kwiyandikisha , aho bazohiganirwa mu bisata bitandukanye bigera kuri 16. Murivyo, harimwo ugutegura uwo mugiye gukorana imibonano mpuzabitsina, gukoresha umunwa mu kugira mushimishane, mu gukandana ku mubiri kugira umubiri ushuhe ni ngoga (massage), n’ibindi …
Dragan Bratych arongoye ishirahamwe Swedish Federation of sex amenyesha ko bateguye iryo higanwa bashaka kwerekana ko imibonano mpuzabitsina ari inkino nk’izindi ko kandi ifasha abantu kugira amagara meza.
Recent Comments