UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Perezida Nkurunziza ngo ntiyahitanywe n’indwara ahubwo yahawe isumu n’abanyamugambwe biwe (Bob Rugurika).

Umuhisi Perezida Nkurunziza ngo ntiyahitanywe n’indwara ahubwo yahawe isumu n’abanyamugambwe biwe . Vyemezwa n’umumenyeshamakuru Bob Rugurika mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere aho anasaba Leta ya Perezida Ndayishimiye guha umuco abarundi kucahitanye Petero Nkurunziza.

Mw’ico kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, Bob Rugurika arongoye iradiyo RPA avuga ko afise ivyemezo bikwiye vyerekana ko umuhisi Perezida Nkurunziza atahitanywe n’indwara ahubwo ko yishwe n’isumu yahawe na bamwe mubo bari bafadikanije kurongora uburundi.

Bob Rugurika agira ati :«Kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi 2020, Leta y’uburundi yaramenyesheje urupfu rw’uwatwara igihugu ico gihe Petero Nkurunziza, naho Leta yari yabanje kubigira ibanga, abatari bake baciye bibaza ko perezida Nkurunziza yoba yahitanywe n’ikiza ca Covid-19 kubera ko vyari vyavuzwe ko n’umufasha wiwe Deniza Bucumi ariyo yari yagiye kwivuza muri kenya ico gihe. Kubera ko amakenga yagumye ari menshi kuri urwo rupfu giturumbuka, Radiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu yaciye ihitamwo kubandanya amatohoza mu nyuma RPA yaramenye ko perezida Nkurunziza atishwe na Covid-19 kubera hari ibipimo vya covid-19 yakorewe imbere yuko yitaba Imana , ivyo bipimo vyose bikaba basanze ata covid-19 yararwaye. Iradiyo RPA yaratevye iraronka bimwe mu vyemezo bigaragaza ko perezida Petero Nkurunziza yagandaguwe ahawe isumu»

Uwo arongoye iradiyo RPA akamenyesha ko ubutegetsi burongowe na perezida Ndayishimiye bwokora ibishoboka vyose mu gushira ahabona icishe Perezida Nkurunziza ko ndetse uwo muyobozi wa RPA yiteguriye gushira ahabona ivy’urwo rupfu hamwe yohamagarwa ngo abisigure.

Ikindi Rugurika avuga ngo n’uko urupfu rwa Petero Nkurunziza rumaze igihe rutera icuka mu mugambwe CNDD-FDD na cane cane ku bari begereye umuhisi Nkurunziza hamwe n’uruhande rwegereye Perezida Ndayishimiye. Amakuru iyo radiyo RPA yatororokanije yerekana ko iyo dosiye iri mu bipfunze uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni kuko ngo ari mu bagumyabanga bagumye basaba ko ukuri ku cishe perezida Nkurunziza kumenyekana.
«Amakuru dukura muri CNDD-FDD atumenyesha ko hari bamwe mu bategetsi bari batanguye gusaba ko ivy’urwo rupfu rwa petero Nkurunziza vyotohozwako neza maze abarundi bakamenya ukuri . Ayo makuru nyene yemeza ko ico kibazo coba carateye icuka kibi hagati y’abahoze begereye Nkurunziza n’ubutegetsi bwa kino gihe burongowe na Perezida Ndayishimiye. Ico kibazo coba kiri no mu vyatumye haba ikurwa ry’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni , ikurwa ryakwirikiwe n’ipfungwa ryiwe imbere y’amezi atandatu. Isakwa ku rugo rw’uwahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, umupfasoni Deniza Bucumi Nkurunziza n’isakwa ry’urugo rw’uwurongoye inama nshingamateka muri kino gihe n’uwurongoye inama nkenguzamateka , ivyo vyose biri mu vyavuzwe ko bijanye n’ico kibazo c’igandagurwa rya Petero Nkurunziza . Abaduha amakuru bakavuga ko kwoba kwabaye ukugabisha uwo wese yohirahira akagarukana ivy’urwo rupfu rwa petero Nkurunziza» Niko Rugurika yongeyeko asigura.

Tubamenyeshe ko Umuhisi Perezida Nkurunziza yashengeye kuwa 8 Ruheshi 2020 bitewe n’ihagarara ry’umutima ku bitaro vyo mu ntara ya Karusi, nk’uko uwavugira Leta ico gihe Prosper Ntahorwamiye yabitangaje kw’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu RTNB.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments