UBM News ads UBM News ads
Sunday, June 16, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Bujumbura (Gatumba): Abantu 20 bariciwe mu gitero cakozwe n’umuhari RED-TABARA.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi yemeje ko haraye habaye igitero mw’iri joro ryakeye gikozwe n’abagizi ba nabi batazwi muri zone ya Gatumba ku musozi wa Vugizo ni muri komine ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura-Rural. Abantu 20 akaba aribo bamenyekanye ko biciwe mw’ico gitero nkuko Leta y’uburundi yabitangaje kuri uyu wa gatandatu.
Umuhari RED-TABARA urwanya Leta y’uburundi niwo wemanze ko ariwo waraye ukoze ico gitero ariko ukemeza ko wateye ku biro vy’igipolisi bicungereye urubibe, i Vugizo muri zone ya Gatumba maze uca wica abasirikare 9 n’umupolisi umwe hamwe n’ibirwanisho birikumwe n’amasase birongera birafatwa.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Leta y’uburundi kw’ico gitero, yagize ati:«Abantu 20 barishwe bunyamaswa n’umurwi w’abicanyi mu gitero cabaye ahitwa Vugizo muri zone ya Gatumba, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura mu gihe c’isaha zibiri n’iminota 40 z’ijoro kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 kigarama 2023»

Muri abo baraye bishwe, Leta y’uburundi ivuga ko harimwo abana 12 muri bo harimwo batari bwashikane imyaka 5, abakenyezi 3 harimwo 2 bari bibungenze, abagabo 5 harimwo umuporisi 1 mubari baje gutabara. Nayo abantu 9 bakaba bakomerekeye muri ubwo bwicanyi ariko bakaba baranyarukanywe kwa muganga aho bariko baravurirwa. Leta y’uburundi ikaba yaciye itera ivyatsi ubwo bwicanyi yongera imenyesha ko igiye kwongereza umutekano w’abanyagihugu.

Ahandi haraye humvikanye urwamo rwinshi rw’amasase ni muri komine ya Gihanga zone ya Gihanga ku mabarabara ya 5, 6 nay’7. Aho biboneka ko ico gitero cakorewe umwanya umwe n’icaraye kibereye ku musozi wa Vugizo, zone ya Gatumba kuko ngo na cone cabaye mu masaha ya sambiri z’ijoro nkuko vyemezwa n’abanyagihugu bo mw’ako karere, gusa ntihamenyekanye ivyoba vyarahononekariye canke abakoze ico gitero. Ico gitero kikaba kibaye ica kabiri inyuma y’ica mbere cigambwe na RED-TABARA, ico naco kikaba cabereye muri Gihanga hafi y’ishamba cimeza rya Rukoko aho umuntu umwe yaciye ahasiga ubuzima nayo ikiraro c’uruzi Kajeke kirononwa n’igisasu catewe n’abo bari bateye hari mw-ijoro ryo kuwa 10 rishira uwa 11 kigarama 2023.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments