Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeInternational newsRDC: Ingabo za Congo niza Uganda zirigamba ko zasambuye amakambi y-umuhari ADF.

RDC: Ingabo za Congo niza Uganda zirigamba ko zasambuye amakambi y-umuhari ADF.

Ibisirikare vya Congo iharanira intwaro rusangi  hamwe n-ica Uganda  vyatangaje kuri uyu w-Imana ko vyasambuye ibirindiro vy-umuhari ADF biri mu buseruko bwa Congo  muri iy-indwi twaraye turangije. Ni mu rugamba batanguye mu kwezi guheze  kuri abo barwanyi.Operation Shujaa: Over 60 ADF Terrorists Surrender As UPDF-FARDC Clear  Roads for More Ground Offensives - Explorer Uganda

Nkuko tubisoma kw-iradiyo ijwi rya Amerika VOA,  Abasirikare b-ivyo bihugu barateye amabombe nmu makambi nshasha y-umwansi  muri Beni, mu ntara za Kivu y-uburaruko hamwe na Ituri, nkuko vyavuzwe n-igisirikare ca Congo. FARDC yavuze kandi ko kw-igenekerezo  rya 11 Kigarama 2021 yafashe abarwanyi 35,basambura amakambi ane bongera babohoza abakongomani 31 bari barafashe abo barwanyi.

Tubamenyeshe ko umuhari ADF usanzwe uzwi ko ari urunani rw-abarwanyi b-idini rya isiramu barwanya ubutegetsi bwa perezida wa Uganda Yoweli Museveni. Uwo muhari ukaba wagirizwa ubwicanyi bw-abasivire benshi mu buseruko bwa Congo  hamwe rero no gutera amabombe mu gihugu ca Uganda.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments