Ibisirikare vya Congo iharanira intwaro rusangi hamwe n-ica Uganda vyatangaje kuri uyu w-Imana ko vyasambuye ibirindiro vy-umuhari ADF biri mu buseruko bwa Congo muri iy-indwi twaraye turangije. Ni mu rugamba batanguye mu kwezi guheze kuri abo barwanyi.
Nkuko tubisoma kw-iradiyo ijwi rya Amerika VOA, Abasirikare b-ivyo bihugu barateye amabombe nmu makambi nshasha y-umwansi muri Beni, mu ntara za Kivu y-uburaruko hamwe na Ituri, nkuko vyavuzwe n-igisirikare ca Congo. FARDC yavuze kandi ko kw-igenekerezo rya 11 Kigarama 2021 yafashe abarwanyi 35,basambura amakambi ane bongera babohoza abakongomani 31 bari barafashe abo barwanyi.
Tubamenyeshe ko umuhari ADF usanzwe uzwi ko ari urunani rw-abarwanyi b-idini rya isiramu barwanya ubutegetsi bwa perezida wa Uganda Yoweli Museveni. Uwo muhari ukaba wagirizwa ubwicanyi bw-abasivire benshi mu buseruko bwa Congo hamwe rero no gutera amabombe mu gihugu ca Uganda.
Recent Comments