Imbonerakure zibiri zituruka mu ntara ya Cibitoke zarishikanye kuri uyu wa kane mu minwe y-igisirikare ca MONUSCO gikorera mu karere ka SANGE mu ntara ya Kivu y-ubumanuko muri republika y-intwaro rusangi ya Congo. Izo mbonerakure zikaba zavuze ko zariko zirwana mu muhari w-abarwanyi witwa GUMINO usanzwe ucuditse n-igisirikare c-uburundi mu kurwanya umuhari RED-TABARA urwanya Leta y-uburundi.
Amakuru dukesha iradiyo Ijwi ry-abanyagihugu RPA, amenyesha ko Izo mbonerakure zibiri zari zisanzwe zizwi cane muri komine Rugombo, mu ntara ya Cibitoke. Nazo akaba ari :Claude Hatungimana na Desiré Havyarimana. Amasoko y-iradiyo RPA abandanya amenyesha ko ku musi wa kane mu masaha y-ijoro , niho izo mbonerakure zibiri zishikana mw-ikambi y-abasirikare baturuka mu gihugu ca Pakistani bari mu ngabo za MONUSCO zikorera mu gace ka SANGE mu ntara ya Kivu y-ubumanuko , mu gihugu ca Congo y-intwaro rusangi . Izo mbonerakure mu kwishikana zavuze ko be n-abo barikumwe bari bamaze imisi barwanira mu muhari w-abarwanyi urwanya Leta ya Congo witwa GUMINO .
Amakuru ava aho muri SANGE avuga ko iyo misore yavuze ko ivuye mu karere ka BIJOMBO kandi ko bananiwe n-urugamba ndetse ko bahamaze kuhatakariza vyinshi harimwo n-abagenzi babo n-abo mu gisirikare c-uburundi.
Tubamenyeshe ko kuva mu kwezi kwa Kigarama 2021, abanyagihugu bo mu misozi miremire ihanamiye ikiyaya ca Rusizi bari mu batowe ngo baserukire abanyagihugu eka mbere n-abo mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri ako karere bavuga ko uwo murwi GUMINO ukorana n-igisirikare c-uburundi hamwe n-imbonerakure barungitswe muri Congo mu ntumbero yo gutuza abarwanyi b-umuhari RED-TABARA .