Bamwe mu banya bujumbura bahitamwo kudaherekeza ababo bitavye Imana kubera ikena ry’igitoro.

0

Mu gihe guherekeza uwawe yitavye Imana gushika ku kibanza bamushinguramwo wamye ari umugenzo kuva kera uranga abarundi, Bamwe mu banyagisagara ca Bujumbura basanzwe bakunda kwiyunguruza mu miduga yunguruza abantu  bahitamwo kuherekeza ababo bapfuye gushika mu masengero basomerwamwo imisa gusa maze bagaca basubira iwabo ntibashobore gushika mu kibanza bashinguramwo ababo bitewe n’ikena ry’igitoro rimaze igihe ryibonekeza mu gihugu c’uburundi. Abafise imiduga yabo akaba aribo bibakundira kuhagera.Image

Uwu munya gihugu wo mu gisagara ca Bujumbura ati :«ubu n-abantu baja guhamba ababuze ababo  ubu ni ikibazo. Abantu babuze ayo bacira n-ayo bamira , bamwe baragenda bashitse muri Cathedral Regina Mundi iyo imisa ibera canke kuri St Michel, burya abanyagihugu  baca baraba abifise baronse ako gatoro bafise imiduga yabo nibo babaherekeza bonyene. Abandi tuca biba ngombwa ko dutaha muhira kuko arya ma Coaster ntaboneka aba yagiye gutondera imirongo itondera amazutu canke essence»

Iyo miduga yunguruza abantu ibajana ku mpanda gushingura ababo birashika igakamira mu nzira igitoro , ico gihe baca babandanya urugendo bahagenda n-amaguru. Uy’umunyagihugu wundi atwiganira ko ivyo bimaze gushika kenshi. Abivuga uku :« Hariho izihora zikamira mu nzira , tuca tuba obligés kuhagenda n-amaguru  ntitworindira iyo modoka igihe ironkera igitoro kuko tuzi ko ku kironka ari nk-umuzi w-ibuye. Noneho n-abadereva bayo baratubwiza ukuri ko twohagenda n-amaguru ntiducerwe iyo turiko tuja kuko icizere ari gito kugira igitoro kidushikire»

Bitewe n-ukwo kubura kw-imiduga yunguruza abantu ibashikana  mu bibanza vyo gushinguramwo ababo, benshi mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura batashobora guushika ahashingurwa ababo  bavuga ko bahitamwo kurindirira mu bibanza baza gukarabiramwo. Ku rundi ruhande, hariho n-abasaba kwemererwa gushingura ababo hafi yabo nko mw-itongo ry-abapfuye riri mu Kanyosha hamwe n-ahandi kugira bikunde ko bahashika ari benshi bibaye ngombwa bahagende n-amaguru.