Perezida Ndayishimiye ahamagarira RED-Tabara gutahuka maze bagategurira hamwe amatora yo 2027.

0

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye ahamagarira umuhari RED-TABARA gutahuka mu gihugu maze bagategurira hamwe amatora yo mu mwaka wa 2027. Perezida Ndayishimiye yibutsa ko nabo ariko vyagenze ariko babanje  guca mu biganiro . Umukuru w-igihugu c-uburundi yabitangaje kuri uyu wa kane igihe hariko hatunganywa amasengesho yama yatunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD buri wa kane urangiza ukwezi.Image

«Basigaye bivugira ngo ubwo butegetsi nibuhave ndahaje!  Mwarabonye itangazo RED-TABARA yasohoye? Bashaka igihugu ngo aribo bahaja ku butegetsi. None ubutegetsi ntibwuguruye? 2025  ni amatora y-abashingamateka nibanyaruke bitoze, 2027, amatora y-umukuru w-igihugu azoza nibanyaruke bitoze . None ntibashaka ubutegetsi? Ninde yabubujije? Hari umuntu yababujije? » Niko Perezida Ndayishimiye yavuze.

Uwo arongoye uburundi iki gihe arongera akibutsa ko we n-abo barikumwe ku rugamba rwo guhabuza demokarasi babanje nabone kwemera gucisha mu nzira ya demokarasi mu kwemera ibiganiro maze birangira bashikiriye ubutegetsi. «jewe ndibuka turi mu biganiro, baratubajije ngo mbega ko mudasavye ibiti? Duti twebwe? None ntimwemeye demokarasi? Ntimwemeye ko tuzana inzego z-umutekano kugira umwumwe wese yumve ko atekaniwe mu mutima wiwe mu gihugu c-amavukiro?Jewe ndazi ico kibazo barakimbajije jewe nije nari umukuru wa «équipe» ko mutariko murondera ibiti ? ibiti bitangwa n-Imana n-abenegihugu»