UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC: Igisirikare ca Congo FARDC gitangaza ko M23 yisubije ibice vyinshi biri muri teritwari ya Masisi na Nyiragongo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igisirikare ca Congo FARDC caraye gitangaje ko umuhari M23 wisubije ibice vyinshi biri mu ma teritwari ya Maisi na Nyiragongo , mu ntara ya kivu y’uburaruko.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa gatatu n’umuvugizi wa FARDC mu ntara ya kivu y’uburaruko, Lt Colonel Guillaume Ndjike Kaiko yatangaje ko M23 yasubiye mu duce twa:Kibarizo, Kabalekasha, Kirumbu, Bukombo, Rugogwe, Busumba na Burungu muri Masisi, Ruhunda muri Nyiragongo.

Guillaume Ndjike Kaiko yagize ati:«Abo bihevyi basubiye mu bice bari baravuyemwo mu rwego rwo guhagarika intambara. Bari ku musozi wa Kibarizo, Kabalekasha, Kirumbu, Bukombo, Rugogwe, Busumba na Burungu muri teritwari ya Masisi n’umusozi wa Ruhunda muri kibumba muri teritwari ya Nyiragongo».

Lt colonel Guillaume Ndjike yatangaje ko FARDC yiteguye bihagije kugira ihangane na M23,Umuhari witwaje ibirwanisho yemeza ko ushaka kurenga ku masezerano yo guhagarika intambara yahagarikiwe n’inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango EAC.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments