UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Alain-Guillaume Bunyoni asaba kurekurwa ivy’agateganyo maze aburane yidegemvya kuko amagara amukitse.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere yarengutse ubwa mbere imbere ya sentare ntahinyuzwa inyuma y’amezi arenga atanu afashwe yagirizwa ivyaha bitandukanye. Mw’urwo rubanza, Bunyoni yasavye sentare kurekurwa ivy’agateganyo maze aburane yidegemvya kuko arembejwe n’ingwara ya diabete yo mu bwoko bwa kabiri bita ‘diabète B’.

Nkuko tukesha iyo nkuru iradiyo y’abongereza BBC, Ahariko habera urwo rubanza rwa Bunyoni ni ukuvuga mw’ibohero indani rya Gitega, ngo nta muntu n’umwe yararekuriwe kwinjirana ikaramu, terefone, amarori. Muri rusangi ngo ico kibanza cari gikingiwe bikomeye n’abajejwe umutekano.

Alain-Guillaume Bunyoni ahejeje gusaba ko yotezurirwa maze akaburana yidegemvya kubera ko amagara amukitse, Umushikirizamanza we yasavye ko Bunyoni atorekurwa kuko ngo yagirizwa ivyaha bikomeye cane kandi ko ingwara avuga ko arwaye isanzwe imenyerewe kandi ishobora kuvurirwa aho apfungiwe. Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yavuze kandi ko ashobora gutanga ingwati y’imiriyoni 300 kugira ashobore gutezurirwa maze anavuga ko n’amazu yiwe yafashwe ko nayone iyo ari iyindi ingwati sentare yoshobora gufata.

Urubanza rukaba rwaciye rushirwa mu mwiherero maze sentare ica itangaza ko ruzosomwa mu ‘misi iza’. Bunyoni akaba kandi yarengutse ari kumwe n’abandi bantu batandatu bagirizwa muri dosiye yiwe aribo komiseri DésiréUwamahoro hamwe na Bapfumukeko Samuel Destiné. BBC ivuga ko abo bantu batatu aribo bari bafise abunganizi mu vy’amategeko, nayo abasigaye bane nta abashingwamanza bari bafise kandi bavuze ko atabo bakeneye.

Tubamenyeshe ko Alain-Guillaume Bunyoni yahagaritswe mu kwezi kwa Ndamukiza 2023 yagirizwa ivyaha vyo guhungabanya umutekano, guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, kuronka inyungu zidaciye mu mategeko, icaha co gutuka umukuru w’igihugu hamwe no gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments