UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: FARDC yavyutse ikora ibitero nsindamusiga ku birindiro vya M23.

Umuhari M23 urwanya Leta ya Congo utangaza ko mu bucagucagu bwo kuri uyu wa gatatu, bimwe mu birindiro vyawo vyavyutse bikorwako ibitero nsindamusiga n’ingabo za Leta ya Congo FARDC. M23 ikavuga ko yiteguye kwivuna umwansi hamwe no gukingira abanyagihugu, ibintu vyabo hamwe n’amashure.

Bertrand Bisimwa arongoye umuhari M23 ku rubuga rwiwe rwa twitter yagize ati :«Kuva isaha icumi n’igice zo kuri uyu wa gatatu, Ingabo za Leta zirikumwe n’abo zicuditse hamwe bateye uburere bwa Tebero, Katovu, Kilolirwe, Nturo, Burungu, Rugeneshi no mu micungararo yaho»

Lawrence Kanyuka asanzwe avugira uwo muhari mu gisata ca politike nawe yagize ati:«…Turasavye akarere n’amakungu kuzotubera icabona kw’iyo nyifato ya Leta yo kudakwirikiza amasezerano yo guhagarika intambara. M23 irivuna, yongere ikingire abanyagihugu n’ibintu vyabo hamwe n’amashure»

Tubamenyeshe ko kuva aho Leta ya congo itangiye ikiringo ntarengwa ku muhari M23 kuba yavuye mu burere bwose nyifatiye hari kuwa 24 Nyakanga 2023, Ingabo za Leta ya Congo zaratanguye gukora igitero ca mbere kuri uyu w’Imana mu burere bwa Kilorirwe na Nturo ni muri teritwari ya Masisi. Ico gihe, biravurwa ko FARDC yahatakarije vyinshi mw’iyo ntambara imbere yo gusubira inyuma.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments