UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ninde ari inyuma y’inzandiko bita ‘tract’ ziyamiriza umugambi wa ‘coup d’Etat’ zatowe ahatari hake mu gihugu?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umutekano wari wongerejwe cane mu gisagara ca Rumonge mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana ku rugero rutari rumenyerewe aho abapolisi benshi baguma bakizura bongera birukana abantu bari mu bunywero no mu ma butike. Abantu ntibigeze bamenya icari gituma bacurwa ubutarariye ngo batahe mu mazu yabo ariko mu gatondo ko kuri uyu wa mbere niho hamenyekana ko hafi y’ikambi ya gisirikare mu Rukinga hatowe inzandiko bita ‘tract’ zitirirwa abasirikare n’abapolisi ngo bashaka guhindura ibintu bidaciye mu nzira yo gutembagaza ubutegetsi.

Amakuru duhabwa n’ababa mu gisagara ca Rumonge atubwira ko abantu bari bateramiye kw’ibarabara rikuru inomero 3, abari mu buriro, mu bunywero, abaca amafaranga mu kwunguruza abantu kw’ipikipiki, n’abandi ntiborohewe muri iryo joro ryo kuw’Imana. Abapolisi benshi barongowe na komiseri w’igipolisi mu ntara ya Rumonge bagumye bazunguruka kuva igihe c’isaha zitatu z’ijoro . Uwo bahwanye wese bamutegeka kuva mw’ibarabara no gutaha muhira ubutarariye.

Ayo makuru akabandanya avuga ko aho mu gisagara ca Rumonge bavuga ko abantu batigeze babwirwa ivyabaye . Bemeza ko no mu ma karitiye hagati , urwo ruja n’uruza rw’abapolisi rwibonekeza cane cane gusumba ukwo vyahora.
Mu gitondo co kuri uyu wa mbere niho hazinduka hatorwa inzandiko bita ‘tract’ mu rurimi rw’igifaransa
zitirirwa umurwi w’abasirikare n’abapolisi bavuga ko badashigikiye uwohirahira ngo ahirike ubutegetsi bwa perezida Varisito Ndayishimiye. Abanyarumonge bakaba bibaza ko iyongerezwa ry’umutekano rifitaniye isano n’izo nyandiko zari zatowe.

Ku bijanye n’izo nyandiko, zari zatanguwe kuvugwa n’ikinyamakuru IKIRIHO cegereye ubutegetsi. IKIRIHO cari canditseko gifise amakuru ko hari inyandiko zitagira umukono zizokwiragizwa mu gihugu ziyamiriza ubutegetsi bwa perezida Varisito Ndayishimiye . Izo mpapuro rero bikavurwa ko zatowe nka hose mu ntara zigize igihugu c’uburundi harimwo n’igisagara ca Bujumbura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments