UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Papa Francisco asaba abasenyeri katolika kwemerera ababana basangiye ibitsina guhabwa umuhezagiro.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umwungere wa Ekleziya katolika kw’isi Papa Francisco yasavye abasenyeri katolika kwemerera ababana basangiye ibitsina canke abipfuza kubana basangiye ibitsina guhabwa umuhezagiro. Ariko ngo uwo muhezagiro ntuheze witwiranywe n’umuhezagiro wa sakaramento utangwa ku baba bagize ubugeni.

Iy’inkuru yamamaye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 2 Gitugutu 2023 mu binyamakuru bitandukanye bikomeye vyo kw’isi nka The Guardian,n’ibindi. Ivyo binyamakuru bigatangaza ko iyo nkuru vyayikuye mw’ikete papa Francisco yanditse kuri uyu wa 11 Mukakaro 2023 igeneye abasenyeri badashigikiye icipfuzo ciwe kijanye n’abaryamana basangiye ibitsina.

Tubamenyeshe ko Vatican yemera umubano w’abagiye gushinga urugo nk’umugabo n’umugabo, Gusa mu bihe bitandukanye, Papa Francisco yagiye aragaragaza ko abo mu muryango w’aba LGBTQ nabo badakwiye guhebwa muri Ekleziya kuko ari abana b’Imana ndetse ko umubano wabo ukwiye gushigikirwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments