Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeTrendingRDC: Abasirikare b'uburundi baratanye mu mitwe n'abarwanyi ba FNL ya Aloys...

RDC: Abasirikare b’uburundi baratanye mu mitwe n’abarwanyi ba FNL ya Aloys Nzabampema.

Abasirikare b’uburundi baheruka kurungikwa muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo baratanguye gutana mu mitwe n’imirwi y’abarwanyi iri mu bumanuko bwa Kivu ni mu buseruko bw’ico gihugu. Kuri uyu wa gatatu mu bucagucagu mu karere ka Namaramara muri zone ya Mwenga muri kivu y’ubumanuko, Abo basirikare bavyutse batana mu mitwe n’abarwanyi ba FNL irongowe na Aloys Nzabampema. Amakuru ava ahariko harabera izo ngwano avuga ko Abasirikare b’uburundi batari bake bamaze guhasiga ubuzima.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Aloys Nzabampema aroye umuhari FNL yemeje amakuru ajanye n’iyo mirwano, ananemeza kandi ko abarwanyi biwe bivunye mw’iyo mirwano aho yavuze ko abasirikare b’uburundi bangana 20 bishwe, umwe muri bo arafatwa mpiri hamwe rero n’ibirwanisho vyabo bitari bike birafatwa. Ikindi, inkuru ziriko ziva ahariko habera izo ntambara, zimenyesha ko n’imbere y’ico gitero caraye kibaye, Abasirikare b’uburundi baheruka kurwa mu mutego w’umurwi w’aba FNL urongowe na Aloys Nzabampema nyene ahitwa Nyanjari, igitero ariko amasoko atandukanye cahitanye ibitari bike mu ngabo z’uburundi kuko batewe batiteguye, ivyatumye haciye haca imisi badasubiye gukora igitero na kimwe mu kwanka ko bosubira kurwa mu mutego ku yindi ncuro ya kabiri.

Ico gitero kikaba gikwirikiye n’ikindi cahuje abasirikare b’abarundi n’abarwanyi ba Maï-Maï Twirwaneho . Ayo makuru nyene akabandanya amenyesha ko indege zo mu bwoko bwa kajugujugu zari zimaze imisi ziriko ziraseha ibiziga vy’abaguye mw’izo ngwano hamwe n’abakomeretse.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments