Thursday, December 1, 2022
HomeNewsUrwego rw'abashingantahe mu Burundi ruriyamiriza ingendo yo kurufuta mu gihugu cose.

Urwego rw’abashingantahe mu Burundi ruriyamiriza ingendo yo kurufuta mu gihugu cose.

Urwego rw’abashingantahe mu gihugu c’uburundi ruriyamiriza ingendo yo gufuta urwego rwamye rukomeye muvyo gutatura amatati kuva ku ntwaro ya cami. Ni mu gihe abahuza bo ku mitumba yose igize igihugu cose baheruka gutorwa barahiye kuri uyu wa kane kugira batangure amabanga yabo , maze basubirire abashingantahe bamye batatura amatati yo mu kibano. Ni mugihe kandi Kuri uyu wa 17 Nyakanga 2022, Abagize urwego rw’abashingantahe mu ntara zose z’uburundi bankiwe guhimbaza imyaka 20 ihaciye urwo rwego ruvutse, ivyababaje cane abashingantahe kuko bari biteguriye urwo rubanza maze rusibwa ku munota wa nyuma kw’itegeko ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Abo bahuza bakaba baje gukuraho burundu urwego rw’abashingantahe mu gihugu rwari rumaze imyaka irenga 100. Uwahoze arongoye urwo rwego rw’abashingantahe ku rwego rw-igihugu Adrien Sibomana abona ko nyabuna ubushingantahe ari akarangamutima kadashobora kuzimangana. Umwe mu bashingantahe bo mu gisagara ca Bujumbura wewe abona ko ari imvo za politike znyegeje inyuma y’iryo futwa ry’urwo rwego rwabo. « Twese turabonako ubutegetsi buhari butigeze butwerekwa kuva bushitse ku butegetsi mu mwaka wa 2005, Ivyo ubibonera ku kuntu abanyamugambwe ba CNDD-FDD bama bahaye agaciro abo bise ‘abagabo’ maze bakasuzugura abashingantahe ko ataco bigeze bakora mu ndyane za kahise uburundi bwaciyemwo» Niko uwo mushingantahe wo mu gisagara ca Bujumbura ativuze izina ryiwe ku mvo z’umutekano wiwe avuga.

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL , utavuga rumwe n’ubutegetsi wewe abona ko itorwa ry’abo bahuza bo ku mitumba ari akaryo k’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi ko kwigarurira ubutegetsi bwose kuva hasi gushika hejuru. Agathon Rwasa agatanga akarorero ko mu ntara za Kayanza, Ngozi, Muyinga, no mu ntara ya Bujumbura, benshi bita Bujumbura-Rural.
Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yaheruka gushikiriza ko urwego rw’abashingantahe hari igihe barenga akarimbi , bagakora nk’amashirahamwe yigenga canke abarwanya ingingo za Leta .

Must Read