UBM News ads
Saturday, December 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: Abashingamateka bari muri EALA bamenyesha ko igihugu cabo gishobora kwikura muri EAC hamwe urwanda rwobandanya rushigikira M23.

Abashingamateka ba Congo bari mu nama nshingamateka ya afrika y’ubuseruko ariyo EALA barateranye amajambo na mugenzi wabo w’urwanda kuri uyu wa 8 Munyonyo 2023 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Abo bashingamateka ba Congo bakaba bavuyeho bamenyesheje ko igihugu cabo baserukira mw’uwo muryango gishobora kuwikuramwo hamwe urwanda rwobandanya rushigikira rwongera rufasha umuhari M23.

Igihe umukuru w’inama nshingamateka ya EALA Joseph Ntakarutimana yariko asozera inama yariko yiga ingingo zitandukaye, umwe mu bashingamateka ba Congo Kalala Evariste yabwiye bagenzi we ko urwanda rwateye igihugu cabo , maze rusahura ubutunzi kama Congo ifise.

Akoresheje ururimi rw’icongereza, Kalala yagize ati :«Agasomborotso ku Rwanda kuri RDC: Uyu musi abantu bariko baricwa kandi amabuye y’agaciro ariko atwarwa n’ibihugu»

Umunyarwandakazi Fatuma Ndangiza yarahagurutse abwira Ntakarutimana ko ivyo kalala avuga ari ibinyoma bidafise ishingiro. Yagize ati:«Ntabwo bikwiye ko uwuri mw’iy’inama nshingamateka azana ikibazo gihagaze ku birego vy’igihugu cigenga, akavugira muri iyi nama ata bimenyetso bifadika afise kw’ivyo ariko aravuga»

Uwundi munyekongo François Ngate Mangu yaciye nawene ashigikira ivyo mugenziwe Kalala Evariste yari yavuze ko Atari ibinyoma, ko kandi ibintu bitariko bigenda neza muri uyo muryango. Yagize nawene ati :«Uyu musi twagira ngo tubahe amakuru, hariho ibintu biriko bigenda nabi»

Umushingamateka wa Congo Kalala Evariste yabandanije avuga ko mu gihe ico yise agasomborotso k’urwanda kuri Leta ya Congo kokomeza, Igihugu ciwe aserukira muri EALA kizoca gihagarika kwitabira ibikorwa vyaco muri uyo muryango. Yabivuze uku:« Iki kibazo niyo cabandanya , RDC nk’igihugu kizohagarika kwitabira ibikorwa vya EAC»

Bamwe mu bashingamateka bo mu bihugu vya Kenya, na Tanzaniya bakaba baraneguye iyo nyifato itabereye yakozwe n’abagenzi babo bo muri Congo. Bakaba bavuze ko ico kibazo kitari kibereye kuzanwa mw’iyo nama nshingamateka.

Tubibutse ko Leta ya Congo imaze igihe yagiriza igihugu c’urwanda gufasha no gushigikira umuhari M23 mu kugaba ibitero no kwigarurira ubutaka bwayo. Leta y’urwanda ikaba yagiye yiyamiriza kenshi ivyo birego vya Leta ya Congo ko bidafise ishingiro na gato.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments