UBM News ads
Saturday, December 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Papa Francisco yirukanye musenyeri Joseph Strickland, uwaheruka kunebagura amahinduka Papa ariko akora muri Ekleziya Katolika.

Papa Francisco yaraye yirukanye musenyeri Joseph Strickland wo muri diyoseze ya Tyler iri i Texas muri Leta zunze ubumwe za Amerika, ni inyuma yaho Musenyeri Strickland yaheruka kunebagura amahinduka ariko akorwa na Papa Francisco muri Ekleziya katolika.

Iyo ngingo idasanzwe ikaba yaraye ifashwe na Papa Francisco, inyuma yaho uwo mwungere wo kuri diyoseze ya Tyler atangarije mu kwezi kwa Myandagaro 2023 ubutumwa bugira buti :«Ekleziya ntiriho ngo ihindagure ibijanye n’ukwemera ahubwo Ekleziya ikwiye gutsimbataza ukwemera nk’uko Imana ubwayo yabidutegetse ibicishije ku bavugabutumwa , aberanda n’abamaratiri»

Vatikano yamenyesheje kuri uyu wa gatandatu ko uwo musenyeri azokurwa mu mabanga yiwe kubera amatohoza yimbitse yakozwe kuri Diyoseze yiwe ya Tyler. Ariko naho Vatikano isigura ivyo, bamwe n’abandi bo mw’idini rya Ekleziya Katolika babona iyo ngingo ya Vatikano yo kwirukana Musenyeri Strickland mu mabanga yiwe , yoba ari nka gasopo Papa Francisco ahaye n’abandi boba bafise umugambi wo kuja baramunegura ku ngingo aza arafata.

Radiyo y’abongereza BBC yoyo ivuga ko Musenyeri Joseph Strickland ari umuntu akomeye cane wo mw’ishami ryo muri Ekleziya Katolika yo muri Amerika rirwanya amahinduka ya Papa. Ivyo bishitse mu gihe, umwungere wa Ekleziya Katolika amaze imisi agira amahinduka akomeye atuma Ekleziya Katolika irushirizaho kujana n’ibihe vya none kuri ubu burongozi bwiwe nka Papa.

Kuri uyu wa gatatu w’iy’indwi turimwo, Vatikano yatangaje ko abantu bahindura ibitsina vyabo bitwa aba «transgender» mu rurimi rw’icongereza bashobora kubatizwa muri Ekleziya katolika, mu gihe cose vyoba bikozwe bitazanye ibibazo mu kibano canke ngo biteze ukudadanirwa mu bakirisu.

Mu kwezi kwa Gitugutu 2023, Papa yamenyesheje kandi ko Ekleziya yo kwugurura imiryango ikemerera guha umugisha ku bakundana basangiye ibitsina bimwe abo bitwa aba «homosexuels» mu rurimi rw’igifaransa, ko ariko uwo muhezagiro woza utandukanye n’isakaramento rihabwa n’abakoze ubugeni rukirisu mw’iryo dini.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments