UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Prezida Varisto Ndayishimiye akwiye amonota 50% kuvyo amaze gukora-Faustin Ndikumana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM avuga ko Prezida Evariste Ndayishimiye akwiye amanota 50% kuvyo amaze gukora kuri iyi myaka 4 amaze arongoye igihugu.Ibi yabishikirije ku musi w’ejo mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru,Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM avuga ko Prezida Varisto Ndayishimiye ivyo amaze gukora bikwiranye n’amanota 50% kuko umukuru w’igihugu yashikirije amajambo menshi kandi meza ajanye no kurwanya igiturire no gutsimbataza intwaro ibereye ariko akaba ata nakimwe cakoretse.

Faustin Ndikumana asaba Leta kuhagabira kuko ibintu bitera biba nabi maze Leta ifate ingingo zihuta kugira igihugu ntikirwe mu kaga.ivyatumye Prezida Evariste Ndayishimiye atakaza amanota nibi bikwirikira:mu mwaka wa 20 igihugu cari gifise ikigega c’amafranga mvamakungu yo kwinjiza ibintu amezi 3 ariko ubu amafranga mvamakungu ahari ari hasi y’indwi 2 gusa.ibidandazwa Leta yahora ishora hanze y’igihugu vyari kubice 17%ariko uyu musi biri musi ya 10%.

Ibigega vy’ibitoro Bihari,hashobora guhera indwi 2 ata gitoro cinjiye mu gihugu hamwe n’iduga ry’ibiciro vy’ibiribwa vyaduze gushika kuri 80% hamwe n’ibinyobwa vya Brarudi vyaduze hagati ya 20-30%.
Faustin Ndikumana agaruka kukibazo c’icikagurika ry’umuyagankuba,ikena ry’amazi,intereneti hamwe n’amashirahamwe ya Leta ariko arahomba mbere umwanya n’umwanya ashobora kwugara aho ni nk’ishirahamwe SOSUMO,ONATEL,,,,,.

Faustin Ndikumana arangiza atera akamo Leta guhagurukira ikibazo c’ibiturire gihanze igihugu arico catumye ata murwizatunga ashobora kuzana imitahe yiwe mu gihugu kuko abona ko yoca ahomba.rero Leta ikwiye guhana bimwe biboneka bakaboko bafukamye igihugu mu nda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments