UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Imiliyoni 148 nizo zimaze gusubizwa mu kigega ca Leta-Venuste Muyabaga.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imiliyoni 148.292.438 nizo zimaze gusubizwa mu kigega ca Leta kuva hatanguye isekeza ryo kwishikana kubakozi bahembwe amafranga na Leta batari kukazi nkuko vyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga.

Kumusi w’ejo igenekerezo rya 19 ruheshi 2024,Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga yaratunganije ikiganiro kubamenyeshamakuru mukuraba aho isekeza ryo kwishikana kubakozi bahembwe na Leta batari kukazi.

Umushikiranganji Venuste Muyabaga yamenyesheje ko imiliyoni 148.292.438 arizo zimaze gusubizwa mu kigega ca Leta n’abantu 21 bishikanye mu gusubiza amahera ya Leta yibwe biciye ku bakozi bahembwa batari ku kivi.Akaba yongeye gutera akamo abantu bose bakoze ubwo bunyonyezi kugarukana amahera batwaye bishikikane mumaguru masha ingingo zitarafatwa.

Venuste Muyabaga yagize ati:«umuntu wese azokwica amatwi amenye ko Leta itazokwemera ko ubutunzi bwayo buhera nk’ifu y’imijira bategerezwa gufatwa kandi bahanwe.nkuko muvyibuka mukiringo cukwezi cari cahawe abantu bahembwe amahera ya Leta batari kukazi.abantu 21 gusa nibo bamaze kwishikina hakaba hamaze kwinjira mu kigega ca Leta imiliyoni 148.292.438 ariko hariho abandi muri aba 21 bavuzeko amahera batwaye angana 56.272.518 bakemera kuzoyariha.»

Umushikiranganji venuste Muyabaga yatanze indwi 2 kugira uwo wese yakoze ubwo bunyonyezi abe yishikanye.agira ati:«twagomba tubamenyeshe ko atawokwica amatwi kuko vyanka vyakunda haba ku neza canke kunguvu ayo mahera ategerezwa kugaruka mu kigega ca Leta nico gituma twibukije uwo wese barabwa n’iyo ngingo yuko hasigaye ikiringo kiranze indwi 2 gusa kugira babe bishikanye.inyuma yaho bazocibwa ihadabu 100%ringana n’ayo batwaye.rero Leta ntishobora kunanirwa n’abasuma ayo mafranga ategerezwa kugaruka mu kigega c’igihugu. »

Umushikiranganji Venuste Muyabaga yaheruka gutanga ikiringo c’ukwezi kumwe kugira abakozi bazi ko bahembwe amafranga bazi neza ko batakiri kukazi kuba bishikanye imbere yuko ukwezi kwa ruheshi kurangira bitabaye uko abazofatwa ko bahembwe amafranga batari kukazi kandi ntibishikane bazofatwa nk’ibisuma vyivye Leta.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments