UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi n’intashima-Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko abarundi ari intashima,bashaka kuronkera rimwe ibintu vyose.Ibi yabishikirije ku musi w’ejo mw’ijambo yashikirije abarundi kw’iradiyo nkuru y’igihugu.

Mu gihe yariko ashikiriza ijambo ku barundi bose ku myaka 4 amaze arongoye igihugu kw’iradiyo nkuru y’igihugu,Umukuru w’ igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze ko abarundi ari intashima, bashaka kuronkera ibintu vyose rimwe.Agira ati:«Umurundi wese ashaka kuronka ibintu vyose ku mwanya umwe.niyo mpamvu mvuga ko abarundi ari intashima.»
Varisto Ndayishimiye yarashimye muri rusangi aho igihugu kigeze mw’iterambere muri iyi myaka 4 amaze ayoboye igihugu.kuvyerekeye ikibazo c’igitoro kimaze imisi cibonekeza mu gihugu,Varisto Ndayishimiye avuga ko igitoro Atari icimburwa mu gihugu.

Varisto Ndayishimiye yagize ati:«Uyu musi nshimishwa nuko abarundi bavuga bati turabuze iki mugabo ntibavuga ngo turabuze amahera yo kukigura»

Umukuru w’igihugu avuga kandi ko abarundi bariko barubaka amazu meza cane,bambara impuzu nziza bakaberwa kandi barya bagasigaza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments