UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abakoze ibitero I buringa no muri Vugizo bagiye gufatwa bashikirizwe ubutungane-Léonard Manirakiza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikirizamanza kizigenza wa repubilika y’uburundi Léonard Manirakiza yizeza abarundi cane cane ababuriye ababo mu bitero vyakozwe n’umuhari Red Tabara i Buringa no muri Vugizo ko bazokora uko bashoboye kugira abakoze iryo bara bafatwe bashikirizwe ubutungane.

Léonard Manirakiza amenyesha kandi ko huguruwe dosiye zibiri z’ivyaha mu butungane.agira ati:«Mw’ijoro ry’uwa 25 ruhuhuma umwaka wa 2024 inkozi z’ikibi zikora iterabwoba zihurikiye mu muhari red tabara zarateye I buringa muri komine Gihanga intara ya Bubanza aho hishwe abantu 9,abakomeretse ,imodoka zaturiwe n’ingoro y’umugambwe Cndd-Fdd yasambuwe.ico gitero cashitse mu gihe hari haherutse kuba ikindi gitero cakozwe ku wa 22 kigarama umwaka wa 2023 zone vugizo komine Gatumba intara ya Bujumbura kigahitana abantu 20.kubw’ivyo bitero vy’iterabwoba bibiri haruguruwe ama dosiye y’icaha abiri.ubutungane bw’uburundi biciye k’umushikirizamanza wa repubilika burasubiye kwizeza abarundi bose atako butazogira kugira abakoze iryo bara n’abo babikoranye bafatwe bashengezwe imbere y’ubutungane».

Umuntu wese afise ivyo asaba ntakwiye kubanza kwica no gusesa maraso ya kiremwa muntu ahubwo hakwiye inzira y’ibiganiro nk’inzira ishikana igihugu ku mahoro.Leta y’uburundi ikwiye kuraba kuneza y’abenegihugu ikagira utwigoro dufadika mu gucungera umutekano w’abenegihugu kugira abansi b’igihugu ntibaronke aho bamenera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments