‘Amashirahamwe REGIDESO na ONATEL natange imihoho yarananiwe’, umukuru w’igihugu

0

Mu kiganiro umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, yavuze ibitari bike ku bijanye nubutunzi bw’igihugu  hamwe n’amashirahamwe amwe amwe ya reta ariko ahombesha igihugu.

Umukuru w’igihugu aravuga amashirahamwe nka REGUDESO na ONATEL avuga ko ‘yananiwe no gutunganiriza abanyagihugu.

Ndayishimiye akaba avuga ko nk’akarorero Ishirahamwe rijejwe ibijanye n’amatara n’amazi, REGIDESO, ryananiwe kuva ku mu DG waryo gushika ku mu Planton.

Ndayishimiye aravuga ko REGIDESO yananiwe cane ku buryo yananiwe no gutunganiriza abanyagihugu kandi bahawe uburyo na reta ariko bakabukoresha uko bitari bikwiye.

Ndayishimiye kandi aca agaruka kuri ONATEL(ishirahamwe rya reta ryo gutumanako amakuru) risa niririko riratemba rigenda.

Ndayishimiye akaba avuga ko ayo mashirahamwe yose kubera yananiwe akwiye kwakwa ubwo buryo yahawe na reta maze bugahabwa abandi banyagihugu bafise ububasha bwo ku bikora.

Mwebwe namwe murabona ko amashirahamwe nka REGIDESO, Mutuelle, INSS na ONATEL aguma agabishwa na reta ya Ndayishimiye yananiwe?