Imitego y’abitwaje inkoho yagwiriye kw’ibarabara rya RN7

0

Umutego w’abitwaje ibigwanisho warabaye mw’ijoro ryo 30 rishira irya 31 kigarama 2020 kw’ibarabara ryiswe RN7. Aho akaba ari muri komine Mugongo-Manga, umusozi Majombe. Ico gitero kikaba cabaye isaha zitatu zijoro n’iminote 20. Umuduga wo mu bwoko bwa Probox K 0835 A ukaba ariwo waguye muruyo mutego, umuntu umwe w’umukobwa akaba yaciye yitaba Imana abandi babiri barakomereka.

Kur’uyu mungu naho mw’ijoro isaha imwe n’iminota 40, iyindi modoka yaraturiwe iguye mu mutego w’abagizi ba nabi, abantu batatu bakaba barapfuye bahiye abandi babiri barakomereka. Uwo mutego ukaba wabereye muri komine Mugamba intara ya Bururi mugace bita Muhabo.

Hakaba hataramenyekana abakora ivyo bitero nico bipfuza.