Imikangara ishaka kwinjira mu gisirikare yahamagawe kwiyandikisha

0

👉🏾Ibiro bikuru vy’intwara miheto biratumiye imikangara (abasore n’inkumi) bipfuza kwinjira mw’ishure kaminuza ya gisirikare (ISCAM) kwiyandikisha ku mirwa mi kuru y’ intara zabo kuva kwi genekerezo rya 23/11/2020 gushika kurya 04/12/2020.

👉🏾Abemerewe kw’iyandikisha bategerezwa kuba ari abarundi canke abarundi kazi, kuba babishaka,kuba ari abasore canke inkumi batagira abana( célibataire sans enfants) no kuzoguma uko gushika uheze formation n’imyaka ibiri inyuma ya formation , kuba bafise n’amaburiburi imyaka 17 kandi batarenza imyaka 25, kuba bahejeje amashure y’ isumbuye mu mwaka wa 2018-2019, kuba bafise amanota abemerera kwinjira muri Kaminuza za leta mukibazo ca leta cakozwe 2019, kuba ufise amagara meza, kuba utigeze uba mu gisoda canke mu gipolisi canke ngo wirukanwe mu kandi kazi kareta.

👉🏾Ibisabwa mu kwiyandikisha ni ibi bikurikira :
1)Photo copie Carte d’identité
2) Extrait d’acte de naissance/attestation de naissance
3) Diplôme d’État Édition 2019 canke attestation de réussite à l’examen d’Etat edition 2019 + Relevé des points à l’examen d’Etat.
4) Attestation d’Etat Civil
5) Attestation d’identité complète
6) Attestation de casier judiciaire valide
7) Attestation de bonne conduite, vie et mœurs
8) Attestation d’aptitude physique
9)4 photos passeport.

👉🏾 Ikibazo c’ibiharuro, igifaransa n’icongereza kizoca gikorwa Ku wambere italiki 14/12/2020 isaha imwe zo mu gatondo (07h00) kubazoba biyandikishije kikazobera Ku mirwamikuru y’intara zabo. Bazoza bitwajije ikarata Katanga muntu n’ibikoresho bikenerwa muri ivyo bibazo

👉🏾 Ikibazo kijanye na sport bazomenyeshwahanyuma Igihe kizokorerwa

👉🏾 Kubafise ico babaza botelefona Ku numero zikurikira:
+25722249770
+25722249783
+25722249788
+25722249776
+25722249777
+25722217624

👉🏾 MN:Uwuzobesha mu mwidondoro azohanishwa kwirukanwa mu gisirikare naho azoba yahejeje inyigisho.