UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

CFOR Arusha baranegura imvugo Ya Evariste Ndayishimiye yo gucanishamwo Abarundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Fréderic Bamvuginyumvira arongoye urunani ruhurikiyemwo abarundi biyemeje guharanira amasezerano ya Arusha”Cfor-Arusha” aranegura imvugo ya Prezida Evariste Ndayishimiye yo gucanishamwo abarundi aho yavuze kuri uyu wa gatandatu uheze mu ntara ya Gitega ko abarundi bose banezerewe kiretse abemeye kuba abaja b’ubutegetsi b’urwanda.kubwiwe ngo iyo mvugo niyo kwiha amahoro mu mutima kubera ubukene abarundi barimwo.


Fréderic Bamvuginyumvira agira ati:«Burya mu bisanzwe abanyagihugu b’abarundi baravye ibihari,jewe siho ndi ariko ndumva ibihari mu gihe bosanga ivyo mvuga bitahari bazompinyuze bambwire ko ivyo mvuga Atari vyo.Barambarira ko igitoro atakiriho,amazutu atayo,ko ibinyobwa vya Brarudi bijanwa hanze kandi vyarasiguwe n’uwurongoye Brarudi ko bija hanze kugira baronke amafranga y’agaciro.None ivyo vyose wabikorakoranya wosanga abanyagihugu banezerewe?uwoba anezerewe yoba ari uwuri kumwe nawe ariko nawe nyene arabona ko ibintu biriko biragenda ukutariko.»

Uwo arongoye Cfor-Arusha avuga kandi ko imvugo ya Varisto Ndayishimiye yarikwiye kuba ari imvugo irimwo imigambi akamenyesha abarundi aho igihugu kigeze n’ivyo ategekanya gukora. agira ati:«Maze imisi nkwirikirana imvugo ya Varisto Ndayishimiye akoresha umuntu aribaza kuki avuga uko?mbega nta migambi yokwereka abanyagihugu?ko tutumva ashikiriza imigambi?ko tutumva ashikiriza abarundi ati uyu musi tuvuye aha tugeze aha turiko tuja aha!ayo majambo akwiye kuyagabanya akavuga imigambi.»

Prezida Varisto Ndayishimiye yamenyesheje ko abarundi bose banezerewe,abatanezerewe nabo n’abemeye kuba abaja b’ubutegetsi b’urwanda hari kuri uyu wa gatandatu I Gitega ku musi mukuru wahariwe abakenyerarugamba,umuhari w’abakenyezi wegamiye umugambwe Cndd-Fdd.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments