Pr. Nkurunziza ngo nareke Inkinamico atunganye amatora yizewe na Bose

0

pie-ntavyohanyuma-president-de-lassemblee-nationale

Ata wuransubirira gushika ino saha ndacari umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi .>> ivyo vyashikirijwe na Pie Ntavyohanyuma aho yamenyesheje komu gihe ikiringo c’Inama nshingamateka kitararangira kandi atarasubirizwa akiri umukuru w’Inama nshingamateka.

Akaba mw’ijambo yashikirije yagarutse ku Makungu yamaze kwiyamuriza amatora ariko araba, agatumira abarundi, abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abadaharanira ivycaro vya Politique hamwe n’abagenzi b’Uburundi ngo babandanye kugobera umukuru w’Ighugu c’Uburundi ngo areke inkinamico arimwo atunganye amatora yizewe na bose.

Mwomenya ko abivugiye mu bubirigi iyo yahungiye inyuma y’urugendo rw’akazi yarimwo muri Suisse agahitamwo kudasubira inyuma ahubwo agafata ingingo yo guhungu. Akaba kandi ari umwe mu bategetsi bakomeye ba Bujumbura batarabwa neza kuko batemera ikiringo ca Gatatu ca Petero Nkurunziza, kandi ari ku rutonde twabashikirije mu misi iheze rw’abategetsi batarekuriwe kurenga imipaka y’Uburundi.