Abarundi ntaco biteze kuri iyo nama y’abakuru b’ibihugu vya afrika y’Ubuseruko

0

Pancrace-Cimpaye

Inama y’abakuru b’ibihugu vya afrika y’Ubuseruko ngo ntana kimwe abarundi bayitezemwo nkuko vyashikirijwe na Pancrace cimpaye aho yariko arayaga n’ikinyamakuru c’abafaransa RFI.

Muri ico kiganiro c’umwanya muto yatanze yamenyesheje ko abakuru b’ibihugu ataco babitezeko kubera n’abashikiranganji b’imigenderanire muri ivyo bihugu bashigikiye inkinamico y’amatora yabaye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 ruheshi nkuko yabandanije abivuga.

Mwomenya ko abivuze mu gihe kuri uno musi hari inama y’abakuru b’ibihugu bo muri afrika y’Ubuseruko yitezwe I Darsalam muri Tanzanie kugira bihweze ikibazo c’Uburundi.