CNDD FDD ngwo n’isese birarura

0

Mu gihe haheruka gushirwaho umuhuza mushasha mu bibazo biri hagati y’ubutegetsi bwa bujumbura  hamwe n’abatavuga rumwe nabwo ariwe Abdoulaye Bathily akomoka mu gihugu ca Senegal akaba n’intumwaidasanzwe ya ONU muri afrika yo hagati, CNDD FDD yamwiyamirije aho yamenyesheje ko yatanguye nabi akazi yari yahawe, ukaba wamusaba guca atanga imihoho.

bathily-592x296-1436200214

Uwo muhuza w’Uburundi mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Jeune Afrique yamenyesheje ko ibishikirizwa n’Umugambwe uri ku butegetsi i Burundi bitagira ishingiro kubera adashobora gutanga imihoho kandi igikorwa camuzanye i Burundi camaze guherambere ngo akaba yaranashikirije inyishu kuvyo bamutumye kuraba.

Uwo mutegetsi aranagaruka ku bijanye n’uko ibintu vyifashe mu Burundi aho amenyesha ko Abakuru b’ibihugu bari bakwiye gufata mu ntke ico kibazo kuko Uburundi buke buke buguma bwimbirwa ikinogo, akanatanga uturorero aho yerekana ibiharuro vy’abamaze guhunga igihugu, abasirikare babandanya bigabura eka n’abategetsi baguma bahunga bavuga ko Ubuzima bwabo budakingiwe.

Umugambwe CNDD FDD ngo hagati y’ibiganiro n’imyiyamamazo watoye imyiyamamazo ngo ntiwigeze uja mu biganiro n’umusi umwe wonye mu gihe leta ya Bujumbura yaje muri ivyo biganiro umusi umwe wonyene.