Pierre Buyoya yatanze imihoho mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika

0

Iyo ngingo akaba yayifashe ngo kugira ashobore kwiregura neza kurupfu rwa Prezida Melchior Ndadaye yagirizwa hamwe n’abantu bashika 18 barikumwe kubutegesti imbere y’umwaka wa 1993.

Icuka nticari ciza mur’uyo muryango w’Ubumwe bwa Afrika nkuko bimenyeshwa n’iradiyo y’abafaransa RFI. Prezida Melchior Ndadaye akaba yagandaguwe amaze amezi atatu gusa atowe kuba umukuru w’igihugu mu mwaka wa 1993. Akaba yicwanye n’abamufasha gutwara igihugu harimwo n’umukuru w’inama nshingamateka. Hakaba haciye hakurikira ubwicanyi bwinshi mu gihugu bamwe bahungira hanze yigihugu abandi bashinga inkambi z’abatesheje izabo.

Pierre Buyoya akaba yagiye kugaruka kubutegesti mu mwaka wa 1996 avuga kwaje gusubiza ibintu mu buryo ariko ubutungane bw’Uburundi bukaba bwasanze vyose yarabifisemwo uruhara.  Ariko Pierre Buyoya akaba yararungitse abamuburanira kugira babereke ivyagiriji ariko abo bashingwamanza ntibakiriwe ngo babereke ivyo vyagiriji.

Abasirikare bato bato bakoze ico caha bakaba barafashwe mu misi yambere habaye iryo bara, mu munyuma haza gufatwa abasirikare bakuru bakuru bagirizwa ico caha kidasanzwe, benshi murabo bato bato baravuga izina rya Pierre Buyoya muriryo hirikwa ry’ubutegetsi ryarimwo ubwicanyi budasanzwe. Pierre Buyoya bikavugwa kwagiye kuva mu gihugu ca Mali aje kuba mu kindi gihugu aho azoca